Wenger ngo ntiyokwemeza ko Sanchez azoguma muri Arsenal

Alexis Sanchez na Mesut Ozil bamaze igihe bashaka kuva muri Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alexis Sanchez na Mesut Ozil bamaze igihe bashaka kuva muri Arsenal

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, yavuze ko adashobora kwemeza ko umukinyi w'imbere Alexis Sanchez azoguma mu mugwi wa Arsenal mu masezerano y'igihe kirekire, inyuma yaho yinjirije ibitsindo bibiri Crystal Palace ku munsi wa kane.

Uwo musatirizi aturuka mu gihugu ca Chili ashobora kugenda ataco arinze gutanga igihe amasezerano y'akazi azoba arangiye, bikavugwa ko ashobora kwiyunga na Manchester City itashoboye kumugura mu karyo gaherutse.

Abajijwe kuri kazoza k'uwo mukinyi w'imyaka 29, uwo mufaransa yagize ati: "Nta numwe azi ibizoba. Biragoye kwikeka.

"Twe dushinze amaso ku kiringo kigufi, bisigura urukino rukurikira hamwe n'abakinyi borwitaba bakagwana. Ntawokwizera igihe umukinyi amara ahantu.

Ashikirije ayo majambo haheze ukwezi avuze ko Sanchez n'umukinyi wo hagati aturuka mu Budagi, Mesut Ozil amasezerano y'akazi ahera mu ci riza, bipfuza kuguma kuri Emirates Stadium.

Ku munsi wa kane, Sanchez yinjije kabiri mu minota ine mu rukino bahura na Crystal Palace batsinzemwo 3-2.