Tanzaniya igabisha kwugara amasengero

Prezida John Magufuli wa Tanzaniya
Image caption Prezida John Magufuli wa Tanzaniya

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwagabishije ko bushobora kwugara amasengero avanga ivy'idini na politike, inyuma yaho umuvugabutumwa aneguriye Prezida John Magufuli mu nsiguro yashikirije kuri Noweli.

Uwo muvugabutumwa, Zachary Kakobe, yavuze ko igihugu kiriko kiraja buhoro buhoro mu ntwaro y'umugambwe umwe.

Umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu gihugu hagati yavuze ko isengero ry'idini iryariryo ryose rizoba ririko rirasesengura ibintu bijanye na politike, rizoca ryakwa uruhusha rwo gukorera mu gihugu.

Abidogera ubutegetsi bavuga ko hari ingeso iriko iraduga yo kutihanganiranira muri Tanzaniya, aho ibinyamakuru bitari bike vyugawe, abantu bagahamwa bazizwa ngo batutse umukuru w'igihugu ku mbuga hwaniro.