Ingorane z'abatwa mu Burundi
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ingorane z'abarundi bo mu bwoko bw'abatwa mu Burundi

Mu Burundi abatwa bari mu ngorane z'umwihariko ugereranije n'abandi barundi. Kuva ku kibazo co kunenwa bavuga ko cagabanutse, abatwa batunzwe ahanini no kubumba, baracafatwa nk'abashumba, bakaba mu duce bikumiririyemwo mu gihe abandi barundi bari mu matongo yagutse. Baba mu bukene burenze urugero, bigatuma badashobora gutunga neza canke gusomesha abana.