Abajejwe umutekano bafasha kugwanya Kolera muri Zambia

Prezida Lungu akunze kwikora ku nteko z'umutekano igihe c'ikiza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Lungu akunze kwikora ku nteko z'umutekano igihe c'ikiza

Umukuru w'igihugu ca Zambia, Edgar Lungu, yategetse igisirikare n'igipolisi gufasha kugwanya ikiza ca Kolera cadutse ku mugwa mukuru Lusaka, aho kimaze guhitana abantu 41 mu mezi atatu arangiye.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu, Amos Chanda, yavuze kw'iyo ngwara yaturutse ku mazi mabi yari yiziziye amakomine ya Lusaka agwiriyemwo abantu benshi, ariko ubu ikaba yatandukiriye n'ahaba abantu bake.

Bwana Chanda yavuze kw'ibibanza nk'amasoko, ubunywero, uburiro, bishobora gutegwa n'ico kiza bizokwugagwa gushika igihe bizoba vyakurikije isuku risabwa n'ubutegetsi.

Yavuze ko umukuru w'igihugu Lungu yasavye inteko z'umutekano gufasha gusukura igisagara ca Lusaka, mu kwirinda kw'ico kiza gikwira hose.