Liberia: Prezida yatowe George Weah asaba ababa hanze gutahuka

George Weah asaba ababa hanze gutaha bakubaka igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption George Weah asaba ababa hanze gutaha bakubaka igihugu

Prezida George Weah aheruka gutogwa muri Nigeria, asaba abenegihugu baba hanze kugaruka mu gihugu bagafasha kugisanura.

Yateye ako kamo mu nama ya mbere n'abamenyeshamakuru, kuva igihe atangarijwe ko yatsinze amatora ya kabiri.

Uwo mukinyi rurangiranwa wa kera mu mupira w'amaguru, avuga ko ubumenyi hamwe n'ubuzobere bw'abanya Liberia baba hanze, bishobora gufasha guteza imbere igihugu no kuzamura ubutunzi.

Bwana Weah yakomewe amashi avuze ko ingeso y'ibiturire ata kibanza ifise mu burongozi bwiwe.

Vyitezwe ko atangura amabanga yo kurongora igihugu mu kwezi kwa mbere.