Korea Yepfo yafashe ubundi bwato bwikekwa gushira ibitoro iya Ruguru

Korea ya Ruguru yafatiwe ibihano vy'ubudandaji bitewe n'igerageza ry'ibigwanisho ritegekwa na Kizigenza wayo Kim Jong-un Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Korea ya Ruguru yafatiwe ibihano vy'ubudandaji bitewe n'igerageza ry'ibigwanisho ritegekwa na Kizigenza wayo Kim Jong-un

Ubutegetsi bwa Korea Yepfo bwafashe ubwato bugira kabiri bwikekwa ko buha ibitoro Korea ya Ruguru kubiri n'ibihano mpuzamakungu ico gihugu cafatiwe, niko ubutegetsi bwavuze.

Ubwo bwato bw'ibitoro bufise amamuko yo muri Panama, bwitwa Koti, bwafatiwe ku kivuko kiri hafi y'igisagara ca Pyeongtaek mu burengero.

Korea Yepfo yaheruka gufata ubundi bwato bwo muri Hong Kong, bwiketswe guha ubwato bwa Korea ya Ruguru mu kinyegero, amatoni 600 y'ibitoro biyunguruye.

Umuryango mpuzamakungu Onu wafatiye ibihano Korea ya Ruguru, kubera ibikogwa vyayo vyo kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda.

Ubwato buheruka gufatwa bugendeshwa ahanini n'abadereva baturuka mu Bushinwa na Burma, bugatwara amatoni 5100, nkuko ikinyamakuru Yonhap kivuga.