UK: May avuga ko abongereza bazishimira umwaka wa 2018

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May ashikiriza ijambo ry'umwaka mushasha Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May ashikiriza ijambo ry'umwaka mushasha

Umushikiranganji wa mbere Theresa May yavuze kw'icizere c'abongereza kizoduga mu mwaka ugiye gutangura wa 2018, bongere banezerewe n'ico bari, niko yavuze mw'ijambo yashikirije ry'umwaka mushasha.

Yavuze ko umugambi wo kuvana n'ibihugu vya Buraya, Brexit, uzoba ugeze mu bihe bikomeye mu mwaka uza, ariko ngo siho imigambi ya leta igarukira.

Ngwizoshinga ijisho ku vy'amashuli, igipolisi hamwe no ku bijanye n'amagara, mu kugerageza guhindura ubuzima bw'abanyagihugu.

Umwaka wi 2017 ngo watumye Madamu May aca mu makuba menshi, ariko ngo watumye ibintu bija imbere mu gihe intambwe ya mbere y'ibiganiro vya Brexit yaheranye n'ukwezi kwa 12.

"Abantu benshi bipfuza ko leta yicarira ico kibazo, igatunganya neza ukuvana n'Uburaya, ivyo bikaba ari navyo turiko turakora", niko yavuze.

Madamu May yavuze ko azogwiza amashuli, n'inzu zo kubamwo, ku buryo ikibazo c'uburaro kigabanuka kuri benshi.

Yavuze ko umwaka w'i 2017 utari woroshe na gato.