Abanyarwanda bahora ari impunzi bagiye kuba aba nde?

Ikambi ya Kintele mu buraruko bwa Brazaville ibamwo abanywarwanda amajana atandatu
Image caption Ikambi ya Kintele mu buraruko bwa Brazaville ibamwo abanywarwanda amajana atandatu

Co kimwe n'abandi bakwiragiye hirya no hino kw'isi, kuva kuri uyu wa mbere ukwezi kwa mbere mu 2018 abanyarwanda b'impunzi bari mu gihugu ca Congo-Brazzaville baratakaje ako karanga imbere y'amategeko.

Impunzi z'abanywaranda baba muri Congo Brazaville barenga ibihumbi icenda.

Uretse ikambi ya Kintele ibamwo abantu 609, abasigaye baba irya n'ino mu gihugu bakora imirimo itandukanye yo kwibeshaho na cane cane uburimyi.

U Burundi buvuga ko u Rwanda 'rubuza impunzi gutaha'

Abadashika 10 kw'ijana ni bo bonyene bahawe uruhusha rwo kubandanya baba muri Congo nk'impunzi mu kiringo c'iyindi myaka itatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Ikarata yerekana itariki kuba impunzi bizorangirirako

Abandi bose ubu nta kibaranga bafise kuva itariki ya mbere uku kwezi kwa mbere.

Barindiriye ingingo leta ya Congo izofata.

Perezida Kagame arasabwa kutakira abirukanywe na Israel

''Iyi leta yatwakiriye neza cane muri iyi myaka 20 ishize. Dufise icizere ko ata kintu kibi izodukorera''

Image caption Aloys Bayingana, yambaye agapira k'umuhondo, umukuru w'abanyarwanda b'impunzi muri Congo, ku mugwa mukuru i Brazaville.

Bari bafise guhitamwo gutaha mu Rwanda ku gushaka kwabo, kuba muri Congo nk'abanyamahanga b'abanyarwanda bafise passeport y'Urwanda canke gusaba uruhusha rwo kubandanya kuba hano nk'impunzi.

Abashika 11 bonyene nibo bemeye gutaha, batandatu na bo bemera kuba hano bafise passeport y'Urwanda.

Abasigaye bifuza ko leta ya Congo ibemerera kuguma baba ngaha itabanje kubasaba ko bafata passport y'Urwanda.

Leta ya Congo ntaco irabivugako.