Misiri: Uwurongoye idini yihanikije Bitcoin

Uburyo bwa Bitcoin bushobora kubangamira ibihugu, niko umukuru w'idini yavuze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburyo bwa Bitcoin bushobora kubangamira ibihugu, niko umukuru w'idini yavuze

Uwurongoye idini mu gihugu ca Misiri, "Grand Mufti", yihanikije ihererekana ry'amahera mu buryo bwa Bitcoin bukoreshwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mw'itangazo ryo kuvyihanikiza ryasohowe ku munsi wa mbere, Shawki Ibrahim Abdel-Karim Allam yavuze ko aba Islamu batarekuriwe kugurisha, kugura canke gukopesha hakoreshejwe ubwo buryo bwa Bitcoin.

Avuga ko uburyo bwo guhererekana amahera ku mbuga ngurukanabumenyi bushobora kwadukamwo ubunyonyozi no kubeshanya, bigashobora gutera ingorane abanyagihugu canke ibihugu.

Uwo mu "Grand Mufti" yavuze ko yaciye ku bahinga mu vy'ubutunzi imbere yuko afata iyo ngingo.