SportPesa yahagaritse gufasha imigwi muri Kenya

SportPesa ifata mu mugongo imigwi myinshi muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu SPORTPESA
Image caption SportPesa ifata mu mugongo imigwi myinshi muri Kenya

Ikigo gikomeye mu vy'akamari gaciye mu nkino muri Kenya, SportPesa, cahagaritse gufata mu mugongo imigwi itandukanye y'inkino kuva uno munsi, inyuma yaho gitsindiwe mu rubanza ku ngingo iduza ikori ry'abakora ivy'akamari kuva ku bice 7.5% gushika kuri 35%.

Ivyo bizotuma ico kigo kiziganya amahera imiliyoni 600 z'amashilingi (imiliyoni 5.8$) ku mwaka, bifashe ico kigo kubandanya gikora, nkuko umuyobozi nshingwabikogwa Ronald Karauri yavuze mu kiganiro n'iradiyo Capital FM.

Ukwo guhagarika gufata mu mugongo imigwi yo mu gihugu hagati, bizogira ingaruka mu gisata c'inkino, mu gihe nk'imigwi nka Gor Mahia na AFC Leopards itegekanya guserukira Kenya mu mahiganwa yo ku mugabane wa Afrika.

Ishirahamwe ry'urukino rwa Rugby "Kenya Rugby Union", rivuga ko ryaciwe intege n'iyo ngingo ya SportPesa, rikizera ko leta izoja hagati igafasha na burya hari amahiganwa yimirije ya Commonwealth n'amajonjora ya Afrika y'ihiganwa ry'isi yose ryo mu 2019.

Ku vyavuye mw'itohoza mu kwezi kwa gatatu, abakenya nibo bakinyi ba mbere b'akamari mu karere ko munsi y'umurongo wa Sahara.

Bitatu vya kane vy'abantu bafise imyaka iri hagati ya 17 na 35 muri Kenya, bavuga ko bamaze gukina akamari niburiburi rimwe.

Gukinira akamari kuri telefone ngendanwa biroroshe, abakenya benshi barakunze kuriha bakoresheje amatelefone.

Leta yaradugije ikori ku vy'akamari mu mwaka uheze, ivuga ko itewe amakenga n'ingaruka z'urwo rukino.