Korea ya ruguru yuguruye kandi umuhora bavuganirako na Korea y'epfo.

The North-South Korea hotline in the village of Panmunjom Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umuhora wa telefone mu kigwati ca Panmunjom

Korea ya ruguru yasubuye kwugurura umurongo wo kuvuganirako na Korea y'epfo, inyuma y'imyaka yababa ibiri wugawe kw'itegeko rya prezida Kim Jong-un.

Korea y'epfo yemeje ko yahamagawe na Korea ya ruguru isaha 15:30 zo muri ico gihugu (06:30 GMT) ku musi wa gatatu.

Umukuru wa Korea ya ruguru yaheruka kuvuga ko yiteguriye kuvugana na Korea y'epfo no kurungika umugwi w'abanonotsi mu nkino zitegekanijwe mu gihe c'imbeho mu kwezi kuza.

Ivyo bihugu ko ari bibiri vyaheruka kuvugana ku rwego rwo hejuru mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2015.

US yafatiye ibihano bamwe mu bategetsi ku bigwanisho ruhonyanganda muri Korea ya Ruguru

Korea ya ruguru: Ibihano vya Onu n'agasomborotso k'intambara

Kuva ico gihe Korea ya Ruguru yaciye ihagarika uwo muhora, yanka kwitaba abahamagara bose, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Korea y'epfo.

Umutegetsi wa Korea ya ruguru yashikirije itangazo ko uwo muhora wasubiye kugururwa ku mboneshakure.

Yavuze ko ivyo bihugu bibiri bishobora kuvugana ibikenewe kugira Korea ya ruguru irungike abanonotsi mu nkino zo mu gihe c'imbeho i Pyeongchang mu kwezi kwa kabiri.

"Tuzovugana na Korea y'epfo tudahendana kandi twizeranye," uko ni ko ikinyamakuru Yonhap casubiyemwo uwo mutegetsi. Yavuze ko ivyo bihugu bishobora "kuganira ku rwego rwo hejuru" ingene horungikwa ao banonotsi.