Ryanair: Ingenzi yaciye mu muryango bacamwo igihe habaye ingorane

A view of one Ryanair passenger plane on the tarmac, seen through the window of another aircraft looking down the wing Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bivugwa ko uwo mugabo yavuze ko agiras asohoke aciye kw'ibaba imbere y'uko yugurura umuryango bacamwo gusa habaye ingorane

Ingenzi yari mu ndege ya Ryanair, arambiwe no kurindira kwururuka muri Espagne, yahagaritswe inyuma yo guca mu muryango bacamwo igihe gusa habaye ingorane, aja kurindirira kw'ibaba ry'iyo ndege.

Indege yarimwo yacerewe isaha yose mu Bwongereza aho yahagurukiye, bikavugwa kandi ko abari muri iyo barindirijwe kwururuka iminota 30 yose i Malaga.

Uwo mugabo, bivugwa ko yoba ari uwo muri Pologne ari mu myaka ya 50, yicaye kw'ibaba ry'indege akanya gato imbere y'uko bamusaba gusubira kwinjira.

Mu nyuma yaciye ahagarikwa n'abajejwe umutekano ku kibuga c'indege.

Muri video yafashwe n'iyindi ngenzi, yerekana umugabo ashize agasakoshi kiwe hasi imbere yo kwicara kw'ibaba mu gihe abandi bantu bumvikana bariko baratwengera inyuma yiwe.

Ivyo bikaba vyashitse ku ndege numero FR8164 yava i Stansted ija Malaga ku musi w'umwaka mushasha .