Ethiopia yarekuye abapfungiwe politike

Abanya Ethiopia baba mu bindi bihugu nabo nyene barakoreye imyiyerekano iyo bari yo kwiyamiriza ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanya Ethiopia baba mu bindi bihugu nabo nyene barakoreye imyiyerekano iyo bari yo kwiyamiriza ubutegetsi

Umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desalegn, yamenyesheje ko ubutegetsi bwarekuye abanyororo bose bapfungiwe politike mu gihugu.

Yavuze ko ibohero rikomeye, Maekelawi, rikwiye kwugagwa rigahindugwamwo inyubakwa yo kubikamwo ibiranga akahise.

Bwana Desalegn yavuze ko iyo ntambwe ishobora gufasha mu biganiro bitegekanijwe mu gihugu cose, inyuma y'imyiyerekano y'abagwanya ubutegetsi yamaze imyaka irenga ibiri.

Abantu bagiye mu myiyerekano baharugwa mu bihumbi barafunzwe, amajana baricwa.

Umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri Ethiopia, avuga ko ari ubwa mbere leta yemera ko hari abanyororo bafungiwe politike, ikigongwe c'uno munsi kikaba catangaje benshi.