Somalia yahinduye abagize leta

Abashikiranganji ba Somalia bakunze gukugwa bahowe Al Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashikiranganji ba Somalia bakunze gukugwa bahowe Al Shabaab

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Hassan Ali Khaire, yahinduye abashikiranganji batatu bakomeye mu bagize leta.

Abakuwe mu mabanga n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu, Yusuf Garaad Omar; umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Abdi Farah Said Juha hamwe n'umushikiranganji w'ubudandaji, Khadra Ahmed Duale.

Leta ya Bwana Khaire yagiye iridogegwa mu kuba yananiwe guhagarika ibitero vy'abagwanyi ba Al Shabaab.