Afrika Yepfo: Impanuka y'itereni n'ikamyo yahitanye 14

Image copyright@ER24EMS

Bamwe mu ngenzi basimvye urupfu Uwufise ububasha kw’isanamu @ER24EMS
Image caption Bamwe mu ngenzi basimvye urupfu

Itereni itwara abantu yatewe n'umuriro muri Afrika Yepfo isekanye n'ikamyo, abantu 14 barapfa abandi 268 barakomereka, niko ubutegetsi bwavuze.

Amasanamu ya video yafashwe yerekana umuriro mwinshi mu cumba kimwe, iruhande y'imodoka yatemvye n'ikamyo yubamye.

Abanyagihugu barokowe, bari bahagaze iruhande y'ibarabara n'imizigo yabo.

Iyo mpanuka yabereye hafi y'igisagara ca Kroonstad mu ntara ya Free State, inyuma yaho iyo kamyo vyankiye ko ihagarara mu masanganzira, niko umwe mu ngenzi yabwiye ikinyamakuru caho.

Abanyagihugu 850 bavuye muriyo tereni badora, nkuko igipolisi cabishikirije.

Umushoferi w'iyo kamyo yagerageje guhunga, ariko afatwa n'igipolisi, niko Seipati Moletsane yabwiye ikinyamakuru eCNA.

Yongeye avuga ko ingenzi zari mu vyumba bibiri vya mbere zakomeretse.

"Nagize ubwoba. Sinabona ico nokora. Narondera ahoba umuryango ngo ntaruke. Imiryango yose yari yugaye...Mu nyuma tubona hadutse umwotsi, umwotsi, umwotsi," niko Madamu Moletsane yavuze.