Sentare ya Kenya iriko yumviriza urubanza rw'abikekwa ku terabwoba

Ikarata ya Kenya
Image caption Ikarata ya Kenya

Sentare ya Kenya iriko yumviriza urubanza ruregwamwo ishuli rya korani ry'i Mombasa ryakozwemwo isekeza n'igipolisi, muco ibinyamakuru vyashize mu gisata co kugwanya iterabwoba.

Abanyeshuli barenga 100 barafunzwe -- bikavugwa ko abo bana bariko bigishwa banyuzwa ku vy'idini.

Igihe urubanza rwumvirizwa abashikirizamanza basavye kw'iryo shuli ryokwugagwa bitewe nuko abana baho bakubitwa.

Abavugabutumwa bo muri ako karere bagabisha ko urwo rubanza rushobora gutuma bimwe mu bigo vy'iki islamu vyugagwa biturutse ku vyagiriji vy'ibinyoma.

Umwigisha wa Islam yishwe i Mombasa