Amerika: Igitabo gityoza ubutegetsi bwa Trump casohotse

Trump avuga kw'ico gitabo cuzuye Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Trump avuga kw'ico gitabo cuzuye

Igitabo giturira gityoza ubutegetsi bwa Trump cashitse mu buguriro inyuma yaho ibiro vy'umukuru w'igihugu White House binaniwe guhagarika isohogwa ryaco.

Ibigo bigurisha ibitabo bivuga ko hari abantu benshi bariko bararondera ico gitabu ciswe "Fire and Fury" (umuriro n'ishavu rikaze) kuva mu minsi ine irangiye.

Prezida Trump yiyamirije ico gitabo yise ic'ibinyoma, yiyamiriza n'uwacanditse, mu majambo yashikirije ashavuye cane.

Yavuze ko cuzuyemwo ibinyoma, ko atigeze aha uwacanditse uruhusha rwo kwinjira mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House.

Amakuru yashikiriye itangazamakuru yerekana umukuru w'igihugu adatekanye mu mutwe, agatanga uwundi muco ku vyo Trump yaregwa ku migenderanire yoba afitaniye n'Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Trump avuga kw'ico gitabo cuzuye