Iran: Uburusiya bwaneguye Amerika kw'ihamagazwa ry'inama ya ONU

Russian ambassador United Nations Vasilly Nebenzia Talks with U.S. Ambassador to the United Nations Nikki Haley before the start of a U.N. Security Council meeting concerning the situation in Iran, January 5, 2018 in New York City. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwuserukira Uburusiya muri Onu Vassily Nebenzia ariko aravugana na mugenzi we wa Amerika Nikki Haley imbere y'uko inama itangura

Uburusiya bwaneguye bwivuye inyuma Amerika kuba yasavye inama y'akanama ka Onu kajejwe umutekano ku myiyerekano ibera muri Iran.

Uwuserukira Uburusiya muri Onu Vassily Nebenzia yavuze ukwivanga kw'ako kanama "mu bibazo biraba igihugu" vyononera urwo rwego rukuru rwa Onu.

Iminota mike imbere y'aho, uwuserukira Amerika Nikki Haley yashimagije abagize imyiyerekano avuga ko " yari imyiyerekano ikomeye y'abantu barinda".

Uwuserukira Iran yavuze ko Amerika ikoresha nabi ububasha ifise mu kanama kamaho kajejwe amahoro kw'isi.

Abantu boba bashika 21 ni bo bamaze kugwa muri iyo myiyerekano.

Iran: abantu icenda baguye mu mishamirano n'igipolisi

Irani: Abiyamiriza ubutegetsi bagabishijwe guhanwa bikomeye

Iyo myiyerekano yatanguriye muri kimwe mu bisagara vyo muri Iran mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri, yiyamiriza ubutunzi bumeze nabi, ica ikwiragira mu bindi bisagara birenga mirongo ibiri, n'ivyivugo vyiyamiriza reta hamwe n'abategetsi b'inini.

Ku musi wa gatatu, uwurongoye igisirikare ca Iran yamenyesheje ko ico yise abagumutsi ko batsinzwe.

Ibihugu bitari bike vyiyamirije ingingo ya Amerika yo gusaba inama y'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi ikitaraganya.