Kashmir: Abapolisi bane baguye mu gitero ca bombe

Akarere ka Kashmir karacungerewe cane Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Akarere ka Kashmir karacungerewe cane

Abapolisi bane biciwe mu gitero ca bombe mu karere ka Kashmir gategekwa n'igihugu c'Ubuhinde.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko abo bapolisi bane bariko barakizura mu gisagara ca Sopore, nko ku birometero 50 uvuye mu gisagara ca Srinagar, bacungereye ihagarikwa ry'akaziry'ahamagawe n'abashaka kwiyonkora, igihe ico kibombe caturikira mw'isoko.

Inzu zitatu badandarizamwo zasambutse.

Ubuhindi buvuga ko abasirikare babwo 17 biciwe Kashmir

Imigumuko muri Kashmir yahitanye 18

Hikekwa ko abagwanyi bitwaje idini rya Islam ko ari bo bateze iyo bombe.

Muri iyi misi hagiye hariyongera ubwicanyi muri ako karere kari mu matati, kagwanigwa n'ibihugu vya Pakista n'Ubuhinde.