Abimukira batwawe ku nkengera y'igihugu ca Libya

Migrants are rescued by members of German charity Sea-Watch in the Mediterranean Sea on November 6, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abimukira ibihumbi n'ibihumbi baratabawe mu mwaka wa 2017

Abimukira umunani batwawe abandi 84 bararokorwa inyuma y'aho ubwato barimwo butwariwe ku nkengera y'igihugu ca Libya, nk'uko bivugwa n'abacungera inkengera z'Ubutaliyano.

Abandi barenga mirongo ibiri bashobora kuba baburiwe irengero, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rijejwe gutabara ryo muri Espagne rya Proactiva Open Arms.

Ni ubwato bwa mbere burimwo abimukira batwawe bari mu kiyaga Mediterranee mu mwaka wa 2018.

Ico kiyaga gishika i Buraya ni inzira imaze guhitana abimukira benshi kwisi nk'uko bivugwa na Onu.

Abimukira boba bashika 34.000 baramaze gutwarwa canke baraburirwa irengero muri ayo mazi kuva mu mwaka wa 2000, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vy'ishirahamwe International Oraganization for Migration (IOM).

Abimukira baheze muri Libya bagiye gufashwa gutahukanwa

Abimukira 31 baguye ku nkengera za Libya

Ishirahamwe ritanga imfashanyo ry'Ubudagi Sea- Watch rivuga ko n'imiburiburi abantu 25 bapfuye ariko igitigiri ntikiramenyekana neza.

Bumwe mu bwato bwaryo bwari mu nzira bugana aho ivyo vyabereye mu buraruko bwa Tripoli, ni ko ryongeyeko.

Ishirahamwe Proactiva Open Arms rivuga ko benshi mu barokowe bamaze amasaha menshi bari mu mazi.

Mu 2017, abimukira bababa 3.000 ni bo bizwi ko batwawe bariko baragerageza kujabuka ikiyaga Mediterranee.