Trump: Mueller ashobora kutambaza ivyerekeye Uburusiya

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyo Trump yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri Norvege

Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko 'bishoboka' ko adahatwa ibibazo na Mueller- umugabo ajewe kugira amatohoza ku migenderanire yabaye hagati y'abari bashinzwe imyiyamamazo ya Trump hamwe n'Uburusiya.

Nta bintu twakoranye, ni ko Trump yongeyeko, aca avuga, "Nzoraba ingene bizogenda."

Mu kwezi kwa gatandatu mu 2017, Trump yavuze ashobora kwemera kubazwa "100%" kandi yashikirije n'indahiro.

Yagumye ahakana ko mu myiyamamazo yiwe atigeze akorana n'Uburusiya mu gutega imitego uwo bari bahanganye Hillary Clinton, avuga ko ivyo bavuga ari ukuzira umwikeko gusa.

Fynn yagirijwe 'gutanga inkuru z'ibinyoma'

Ikirego inyuma y'itohoza kuri Trump n'Uburusiya

Mu ntango y'iyi ndwi, ibinyamakuru vyo muri Amerika vyanditse ko ababuranira Trump bari mu biganiro n'umunyamategeko Mueller kugira bumvikane umusi yobarizwako.

"Mu gihetutigeze dukorana- kandi akaba ata n'umwe yabonye inegene twakoranye ku rugero urwo ari rwo rwose- Biboneka ko boshoboka ko ata no guhatwa ibibazo bizobaho," ni ko Trump yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu.

Ibindi bisa n’ibi