Imyiyerekano yo kwiyamiriza ibiciro vy'umurengera muri Tunisia

tunisia Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imishamirano mu myiyerekano mu gihugu ca Tunisia

Haheze imisi itatu yikurikiranya hari imyiyerekano mi bisagara bikuru bikuru mu gihugu ca Tunisia aho binubira ibiciro vy'umurengera.

Igipolisi kiguma gitera ivyuka bikoroza amosozi mu bantu benshi bariko bariyamiriza ibiciro vy'umurengera ituma badashobora kuronka ibintu vya nkenerwa.

Uruzitiro rwo gukinga iterabwoba muri Tunisia

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ni nk'ibisanzwe ku gihugu ca Tunisia ko haba imyiyerekano mu kwezi kwa mbere

Umushikiranganji wa mbere Youssef Chahed yateye ivyatsi iyo myiyerekano avuga ko adashobora kwemera ko haba ubugizi bwa nabi muri iyo myiyerekano.

Ku ruhande rwabo, abari mu myiyerekano na bo bidogeye igipolisi ko ari bo babiteye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu baridogera ubuzima buzimvye

"Iyi myiyerekano n'iyo ubuzima buguma buzimba, baradugiye igiciro cane, biragoye kugira ibi bintu bihinduke, nkeka tubanje gukura uyu mukuru w'igihugu"

Umunye Tunisia 'yoba ari we yagize igitero i Berlin'

Abadandaza benshi bahagaritswe n'igipolisi baranibwa, mu gihe abajejwe umutekano bariko barongereza abajejwe kurinda inyubakwa za reta.

Abantu bashika amajana abiri bapfunzwe, mu gihe hari umugambi w'iyindi myiyerekano itegekanijwe ejo.