Ubwato buriko ibendera rya Tanzania bwafatiwe mu Bugiliki

Tanzania yaranse guha uruhusha rwo gukora ubwato bwinshi bwa Korea ya ruguru kubera gukoresha ibendera y'abwo bidakuikije amategeko. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu 2016, Tanzania yaranse guha uruhusha rwo gukora ubwato bwinshi bwa Korea ya ruguru kubera gukoresha ibendera y'abwo bidakuikije amategeko.

Abajejwe umutekano mu mazi y'Ubugiliki bavuga ko bahagaritse ubwato buriko ibendera ya Tanzania bwari butwaye ibintu biturika.

Bivugwa ko ubwo bwato bwari butwaye ibintu biturika bubikuye muri Turkia bubijanye muri Libya, hatisunzwe amategeko yo kubuza ko hari ibigwanisho vyinjira muri ico gihugu.

Abo bajejwe umutekano bavuga ko ubwo bwato bwari butwaye amasandugu 29 yuzuyemwo ibintu biturika hamwe n'ubumara bukoreshwa mu kubikora.

"Abajejwe umutekano mw'ibahari bahagaritse ubwato bwariko buragenda," umutegetsi mukuru w'abo bajejwe umutekano mu Buguliki Yiannis Sotiriou ni ko yabwiye abamenyeshamakuru, nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya ANA.

Ubushikiranganji bujejwe ingendo zo mu mazi buvuga ko ubwo bwato bwahagaritswe buri mw'izinga rya Crete mu bumanuko bw'Ubugiliki mu mpera z'iyinga inyuma y'aho abajejwe umutekano baherewe inkuru n'umushoferi wabwo.

Bwaciye buherekezwa gushika ku kivuko kimwe c'iryo zinga rya Crete hanyuma buca burasakwa.

Sotiriou avuga ko ubwo bwato bwafashwe ku musi wa gatandatu bwari kandi bufise ingorane nyinshi ku buryo butategerezwa kuba buriko muragenda mw'ibahari.

"Bwari gutera ingorane nyinshi ku bantu no ku bidukikije," ni ko asubirwamwo na AFP.

Nyene ubwo bwato avuga ko bwariko burerekeza mu gihugu ca Djibouti, ariko mu nyuma biza kumenyekana ko bwariko buragana igisagara kiri ku kivuko ca Misrata muri Libya.

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rivuga ko abari muri ubwo bwato bose ko ari umunani baza gushikanwa imbere y'ubutungane uyu musi.

Batanu muri bo n'abahinde, babiri abo muri Ukraine hanyuma umwe akaba ari uwo muri Albania.