Leta y'u Burundi yagirizwa guhimiriza gutore "ego" hataragera

Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha ry'u Burundi yitezwe mu kwezi kwa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha ry'u Burundi yitezwe mu kwezi kwa gatanu

Abatavuga rumwe na leta y'u Burundi bayagiriza gutangura guhimiriza abanyagihugu gutora "ego" kw'ibwirizwa shingiro rishasha kandi bobo batavyemerewe.

Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha ry'u Burundi yitezwe mu kwezi kwa gatanu, amategeko nayo akavuga ko guhamagarira abanyagihugu gutora biba indwi ziribi imbere y'amatora.

Ariko abatavuga rumwe na leta bavuga yoyo iza yaratanguye guhimiriza abanyagihugu gutora "ego", ngo ariko bobo babahimirije gutora ukundi bagahanwa.

Umuvugizi w'urunani rutavuga kumwe na leta, AMIZERO, Pierre Celestin Ndikumana, yabwiye BBC ko abanywanyi babo 38 bamaze gutabwa muri yombi.

Kuba abari mu nzego za leta bamaze gutangura kwigisha abanyagihugu gutora ego ni ukuri kwamye.

Nk'akarorero ni umuhuza w'Abarundi, Edouard Nduwimana, aho yahamagarira abanyagihugu ba Bujumbura mu nama, akabahimiriza gusidukana n'iyonka bagatora "ego".

Umwanya ni uwa leta

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuhuza w'Abarundi, Edouard Nduwimana, ni umwe mu bagize inzego za leta ahimiriza Abarundi gutora "ego"

Ku kibazo co kumenya igituma leta ihimiriza gutora "ego" ariko abatavuga rumwe nayo ntibemererwe guhimiriza gutora "oya", umuvugizi wa leta y'u Burundi, Therence Ntahiraja yabwiye BBC ko uyu ari umwanya wa leta.

Bwana Ntahiraja yagize ati: "Ni ibisanzwe ko muri iki gihe leta iriko irasigurira Abarundi iyo nteguro, ibahamagarira gusidukana n'iyonka kuzoyitora.

"Ubahamagaye uti sidukana n'iyonka muyitore, ni uko uba ubabwiye uti jewe ndabasavye gutora "ego" nk'umuntu wo muri leta."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi ujejwe amatora, CENI, uvuga ko utegenzura ingene leta ikora

Abajijwe nimba uwohaguruka agasababa Abarundi gutora "oya" kubera imvo izi canke ziriya bomureka, Therence Ntahiraja yavuze uwo yohanwa ngo kuko ubu umwanya ari uwa leta, ngo yokwihangana umwanya wiwe ugashika.

Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe amatora, CENI, niwo ujejwe gukurikirana abarenga ku mategeko ajejwe amatora, ariko wowo uvuga ko utagenzura ingene leta ikora.

Ibikuru bizohinduka

Integuro y'ibwirizwa shingiro rishasha itegekanya imyaka indwi y'ikiringo c'umukuru w'igihugu yahora ari itanu, igategekanya kandi ikibanza c'umushikiranganji wa mbere mu gihe hahora ivyegera bibiri vy'umukuru w'igihugu.

Iyo ntegura kandi igumiza uko biri ibitigiri vy'amako mu nzego nk'uko bitegekanijwe mu masezerano ya Arusha.

Izoba kandi yanditse mu Kirundi no mu Gifaransa, mu gihe amabwirizwa shingiro yose yabanjirije yari yanditse mu gifaransa gusa.