Prezida Trump yatutse ibihugu vya Afrika, Haiti na El Savador

Prezida Trump yatutse ibihugu vya Afrika, Haiti na El Savador avuga ko ari ibihugu vy'umwanda Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Trump yatutse ibihugu vya Afrika, Haiti na El Savador avuga ko ari ibihugu vy'umwanda

Prezida wa Amerika yiyamirije abimukira binjira muri ico gihugu mu kubatukira mu biro vyiwe mu nyubakwa akoreramwo.

"Kubera iki tubemerera kwinjira ngaha bavuye mu bihugu 'vy'umwanda'?

Ni ko prezida Trump yabwiye abashingamateka ku musi wa kane nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Washington Post.

Bivugwa ko ayo majambo yavuze ku bantu bamuka muri Afrika, Haiti hamwe na El Salvador.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ntibihakana ivyo yavuze biriko birasubirwamwo n'ibindi bimenyeshamakuru.

"Abanyepolitike bamwe bamwe b'i Washington bakunze kuvuganira ibindi bihugu, ariko Trump azovuganira abanyamerika gusa," ivyo bikaba biri mw'itangazo ry'umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Raj Sha .

Iryo tangazo ribandanya rivuga: Nivyaba ibindi bihugu bifise abimukira bakwiye kubibamwo, Trump agwanira ingingo yotuma Amerika yakira abashobora kugira ico bayiterereye mu mibano, mu guteza imbere ubutunzi bwacu no kubana neza n'abanyagihugu bacu.

Hollande: Ntidukeneye impanuro za Trump

Ntashobora kwemera uburenganzira bw'umwanya muto bushobora gutera ingorane abanyamerika, kandi ntazemera abantu bashaka kuza kwironderera ubuzima bwiza muri Amerika badaciye mu nzira z'izwi.

Image caption Abari mu myiyerekano biyamiriza urwanko prezida Trump afitiye abimukira

Ayo majambo yavuzwe mu gihe abashingamateka bo mu migambwe yose bari bagiye kumuraba kugira bamushikirize itegeko rigenga abimukira ata ho ryagamiye.

Umucamanza yatoye amahinyu itegeko ryo kutinjira muri Amerika

Umukenguzamateka wo mu mugambwe w'aba demokrate yariko aravuga ku vyerekeye uburenganzira rw'agateganyo buhabwa ku batu baje bava mu bihugu vyatewe n'ibiza, intambara canke ingwara z'ivyaduka, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru.