Amerika ishaka gufatira Iran ibihano bishasha

Prezida Trump na mugenzi we wa Iran Hassan Rouhani
Image caption Prezida Trump na mugenzi we wa Iran Hassan Rouhani

Umushikiranganji w'ikigega ca reta muri Amerika Steve Mnuchin avuga ko vyitezwe ko prezida Trump afatira ibihano bishasha igihugu ca Iran.

Iyo nkuru ivugwa mu gihe Trump ageze kw'itariki ya nyuma yo gufata ingingo nimba agiye gukurako ibindi bihano igihugu ca Iran nk'uko biri mu masezerano y'ibigwanisho vy'ubumara yo mu 2015.

Imbere y'aho, ibihugu vya Buraya bikomeye yasavye Trump gushira mu ngiro ayo masezerano bivuga ko akenewe mu kubungabunga umutekano kw'isi.

Trump yaranebaguye ayo masezerano yatumye Iran ikurwako ibihano inyuma yo kwemera kugabanya gukora ibishobora gufasha mu kuronka ibirwanisho vy'ubumara.

Mnuchin yabwiye ibimenyeshamakuru ko hitezwe ko ibindi bihano kuri Iran bitangazwa- ibihano, nk'uko biri nkuru zagiye ziravugwa bitumbereye abantu ku giti cabo hamwe n'ubudandaji muri Iran.

"Turabandanya kuvyihweza kandi nibaza ko hazofatwa ibindi bihano".

Uwo mukuru w'igihugu wa Amerika avuga ko ashaka ko ayo masezerano ahinduka canke ayavemwo burundu.