Intambwe mu biganiro vyo gushinga reta y'urunani mu Budagi

Rival German leaders: CDU's Angela Merkel (L) and SPD's Martin Schulz Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Angela Merkel na Martin Schulz bavuga ko bikenewe gufatana munda

Abanye politike bo mu budagi bumvikanye mu biganiro vyotuma hashingwa reta igizwe n'urunani.

Humvikanywe uko ibiganiro vyogenda hagati y'umugambwe w'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel (CDU) n'uwo bahora bafatanije gutwara SDP.

Abo banyepolitike bamaze ijoro ryose baharira ku cegeranyo c'impapuro 28, mu biganiro vyamaze amasaha 24.

Ariko bashitse ku mwumvikano ku bintu bikomakomeye nko ku vyerekeye abimukira.

Ubudagi: Merkel mu yabira ibiganiro bihagaze

Merkel mu biganiro vyo gushinga reta y'urunani

Bipfuza kugabanwa abasaba ubuhungiro gushika ku 200.000 buri mwaka.

Ayo masezerano kandi ashinga ko igitigiri c'abantu binjira mu Budagi bazanywe n'imiryango yabo kidashobora kurenga 1000 ku kwezi.

Umushikiranganji wa mbere Merkel n'umukuru wa SPD Martin Schulz bavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko bizeye ko " reta nshasha igizwe n'urunani" ishobora gushingwa vuba.