Tunisia: Imyiyerekano yatumye leta yemera guhindura

Imyiyerekano yadutse mu duce twinshi two muri Tunisia harimwo n'umugwa mukuru Tunis Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Imyiyerekano yadutse mu duce twinshi two muri Tunisia harimwo n'umugwa mukuru Tunis

Ubutegetsi bwa Tunisia bwamenyesheje ko bugiye guhindura ibitari bike mu vy'imibano, inyuma y'imyiyerekano abanyagihugu bamazemwo ku bijanye n'ivy'ubutunzi bw'igihugu.

Iyo myiyerekano yatanguye himirije isabukuru y'indwi y'ikugwa rya Prezida Zine al-Abidine Ben Ali ku munsi wa Mungu.

Ubutegetsi bwaragize amanama kubera iyo myiyerekano, abantu barenga 800 bakaba barafashwe.

Mu rugendo Prezida Beji Caid Essebsi yagize mw'ikomine ya Tunis ku munsi wa Mungu, yavuze ko ategera akababaro k'abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Prezida akikujwe n'abanyepolitike hamwe n'abakoresha

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yahamagariye abanyagihugu mu myiyerekano ku munsi wa Mungu, ivuga ko ata kintu kirahinduka kuva aho Ben Ali akuriwe ku butegetsi igihe hatanguye imigumuko yo gusaba amahinduka.

Iyo myiyerekano yatanguye ryari, itegwa n'iki?

Iyo myiyerekano yatanguye itariki 7 z'ukwezi kwa mbere igihe ubutegetsi budugirije amakori, bukaduza n'ibiciro vy'ibidandazwa, igihe bushikiriza urutonde rw'amahera azokoreshwa mu 2018.

Iyo myiyerekano yabereye mu duce 10 dutandukanye turimwo umugwa mukuru Tunis, abayirimwo basaba ko urwo rutonde rw'amahera rwohebwa.

Yatanguye mu mahoro munyuma hadukamwo amakimbirane hagati y'igipolisi n'abihaye amabarabara.