Irani: Trump niwe atoba amasezerano

Onu yabujije Irani kwinjiza ubuhinga bwo gukora "missiles" zigera kure ku kiringo c'imyaka umunani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Onu yabujije Irani kwinjiza ubuhinga bwo gukora "missiles" zigera kure ku kiringo c'imyaka umunani

Umukuru w'igihugu ca Irani, Hassan Rouhani yavuze ko Amerika itashoboye kugondoza amakungu ku mugambi wa Irani mu vya "nucléaire".

Mu kiganiro ca televiziyo, Bwana Rouhani avuga ko Prezida Trump yagumye arondera gutoba amasezerano, ariko amakungu ntiyamushigikira.

Avuga ko ari intsinzi irama kuri Irani.

Ayo masezerano ategeka Irani kugabanya umugambi wayo mu vya "nucléaire" kugira ngo ishobore gukurigwako ibihano.

Ku munsi wa gatandatu, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuganye n'umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu ku bijanye no kubungabunga ayo masezerano.

(Mu ndwi iheze, Bwana Trump yavuze ko yemeye kuguma murayo masezerano atavyipfuza amezi menshi.

Yavuze ashimitse kw'ibihugu vya Buraya vyayateyeko igikumu bikwiye kuyasubiramwo, canke Amerika iyavemwo burundu.)