Prezida wa Liberia Sirleaf yirukanywe mu mugambwe

Ellen Johnson Sirleaf yatanguye kurongora igihugu mu 2006 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ellen Johnson Sirleaf yatanguye kurongora igihugu mu 2006

Umukuru w'igihugu agiye kurangiza ikiringo muri Liberia, yirukanywe mu mugambwe mu kuba atashigikiye uwagenywe n'umugambwe ngo amusubirire.

Ellen Johnson Sirleaf yagirizwa kuba yahimirije abanyagihugu kudatora icegera ciwe, Joseph Boakai.

Umukinyi rurangiranwa wa kera George Weah, niwe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa 12, arusha amajwi Bwana Boakai.

Madamu Sirleaf, yigeze kuronka agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel, akongera akaba n'umugore wa mbere w'umunyafrika yatowe ngo arongore igihugu, ntiyashobora gusubira kwitoza.

Umuvugizi w'umugambwe Unity Party yavuze ko Madamu Sirleaf yahonyanze ibwirizwa shingiro ry'umugambwe, mu gihe yafasha Bwana Weah kwiyamamaza kw'itike y'umugambwe Coalition for Democratic Change.

Madamu Sirleaf ntaco arabivugako.

Bwana Weah azorahizwa mu mpera za kuno kwezi, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere ubutegetsi butangwa mu mahoro muri Liberia kuva mu 1944, igihe ico gihugu catanguzwa n'abari bagizwe abaja bavuye muri Amerika, batwaweyo mu kinyejana ca 19.

Madamu Sirleaf yaramenyekanye cane mu gihugu no mu makungu, atumye igihugu gitekana inyuma y'imyaka myinshi y'ingwano.