Igitero kw'ihoteri mu muji wa Kabul

Inkoho zariko zasanira mu magorofa ya 4 na 5 Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Ihoteri Intercontinental mu muji wa Kabul imaze guterwa incuro nyinshi

Ingabo zifise ubuhinga ziriko ziragwana n'abateye ihoteri Intercontinental mu muji wa Kabul, nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi w'umushikiranganji Najib Danish.

Ico gitero catanguye nk'isaha zitayu z'ijoro mu masaha y'iKabul (16:30 GMT), ariko ntibashotse bavuga abahasize ubuzima.

Bwana Danish yabwiye iyandikiro ry'amakuru Reurters ko mu bateye vyaboneka ko umengo harimwo n'abiyahuzi.

Ngo bariko barasanira mu magorofa ya gatatu na kane muri iyo hoteri, aho bikekwa ko hafari abantu bafashwe ingwati.