Museveni: Nkunda Trump kuko abwira ukuri abanyafrika

Bwana Museveni yavuze ko akunda imvugo ya Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Museveni yavuze ko akunda imvugo ya Trump

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yavuze mw'ijambo yashikirije ko "akunda" Prezida wa Amerika Donald Trump kuberako abwiz'ukuri abanyafrika.

Mu ntango ya kuno kwezi, Bwana Trump yagirijwe kuba yavuze ko ibihugu vya Afrika ari "ibinogo vy'amazirantoke" mu nama yo kwihweza ikibazo c'abimukira.

Bwana Trump yarahakanye ko yasohoye ayo majambo ariko abakenguzamateka bari muri iyo nama baravuze ko yayasohoye.

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wasavye Bwana Trump gusaba ikigongwe ku majambo aboneka ko ajanye n'ivangura rishingiye ku rukoba.

Afrika yakurira Trump gusaba ikigongwe

"Amerika yararonse umukuru w'igihugu wa mbere mwiza kuva ibaho," niko Bwana Museveni yavuze atwenza hatanguzwa inama y'abashingamateka b'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko "East African Legislative Assembly" (EALA) i Kampala mu Buganda.

"Nkunda Trump kuberako abwiza ukuri abanyafrika. Abanyafrika bakwiye gutorera inyishu ingorane zabo, abanyafrika nta nguvu bafise."

Amajambo ya Bwana Museveni atandukanye n'ay'abategetsi benshi ba Afrika biyamirije imvugo ya Bwana Trump.

Ku munsi wa Mungu, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yabwiye BBC ko nawe nyene afise akababaro nkak'Afrika kubera ayo majambo ya Trump.