Abarondera inguvu z'ikigabo vyabaviriyemwo kwinjira ibitaro vya kolera

Ikiza ca korera muri Zambia kimaze gufata abantu ibihumbi bitatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikiza ca korera muri Zambia kimaze gufata abantu ibihumbi bitatu

Abagabo batatu bo mu gihugu ca Zambia batwawe mu bitaro vy'abagwaye kolera, nyuma yo kurya ivyatsi bivugwa ko bizana inguvu ku barangura amabanga mpuzabitsina.

Zambia imaze igihe ihanganye n'ikiza ca kolera kuva mu mwaka uheze, kimaze guhitana abantu 70, bikavugwa ko hari n'abarenga 3000 banduye.

Vyibonekeza ko abo bantu batatu baba mu buseruko bw'igihugu, batari mu bafashwe n'ico kiza.

Ahubwo bagiye gufata agacupa, mu nyuma bafata umuti witwa "mvubwe" uzwi muri ako gace, uduza inguvu z'ikigabo.

Umukuru w'intara, Chanda Kasolo, yabwiye BBC ko abo bantu batatu baciye batangura kudahwa, munyuma bajanwa mw'ivuriro ryagenewe ikiza kolera.

Nta korera babasanzemwo

Inyuma yaho bapimiwe, uruvange rw'ivyo vyatsi vy'inguvu, inzoga banyoye n'indya, vyerekanye ko bazize ubumara bwavuye mu vyo bafunguye, bituma abantu bibaza ko boba bafashwe na kolera.

Basubiye gupimwa munyuma bakabazwa, bishuye ko bafashe umuti utuma inguvu z'umugabo yipfuza kugira imibonano mpuzabitsina ziyongera.

Uwo mutegetsi yavuze ko abo bagwayi bakiri kuri iryo vuriro ry'abagwaye kolera, kandi ko imiti bariko barahabwa ibagirira akamaro.