RD Congo: Kabila arashigikiye amatora yo mu mpera z'umwaka

Bwana Kabila yagiye ku butegetsi muri 2001 inyuma y'urupfu rwa se Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Kabila yagiye ku butegetsi muri 2001 inyuma y'urupfu rwa se

Umukuru w'igihugu ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), Joseph Kabila yavuze ko azoshigikira amasezerano yotuma amatora atunganywa mu mpera y'umwaka w'i 2018.

Ivyo yabishikirije mu nama n'ibigo vy'itangazamakuru, aho yatunze agatoke amakungu hamwe na Ekleziya Gatolika.

Joseph Kabila yavuze ko umuryango mpuzamakungu Onu utari muri Congo ngube ariwo utunganya ivy'igihugu, avuga ko atari igihe c'intwaro y'ubukoroni.

Yavuze ko abantu bo muri Ekleziya Gatolika bagiye mu myiyerekano biyamiriza ubutegetsi, ko bazokurikiranwa n'ubutungane.

Bwana Kabila yaranse kuva ku butegetsi ikiringo ciwe kirangiye mu 2016, munyuma yemera gukoresha amatora mu 2018.

Hari haheze imyaka irenga itanu, Bwana Kabila akoresheje inama n'ibigo vy'itangazamakuru.