Afghanistani: Ishure ya gisirikare yatewe

Abajejwe umutekano bugaye ibarabara rija muri ico kibanza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano bugaye ibarabara rija muri ico kibanza

Amasase na bombe vyumvikanye kw'ishure ya gisirikare ku mugwa mukuru wa Afghanistani, Kabul, nk'uko inkuru zivuga.

Ibimenyeshamakuru bivuga ko kaminuza y'igihugu yigisha ivyo kwivuna abansi ya Marshal Fahim yatewe mu gitondo ca kare.

Ico gitero kije gikurikira icahitanye abantu benshi cane gusumba abapfuye muri iyi myaka iheze, cahitanye abantu barenga 100 ku wa gatandatu.

Ico gitero co ku wa gatandatu cagizwe hakoreshejwe imodoka itwara abagwayi yashizwemo amabombe.

Abagwanyi ba Islamic State n'aba Talibani ni bo baguma bagira ibitero mu turere dutandukanye muri ico gihugu.

Ico gitero co ku wa gatandatu cabaye indwi imwe inyuma y'ikindi gitero cabereye mw'ihoteli imwe y'i Kabul cahitanye abantu 22- benshi muri bo bakaba bari abanyamahanga.

Igitero kw'ihoteri mu muji wa Kabul

Abataliban bafashe umuji ukomeye muri Afghanistan

Abatalibani bavuga ko ari bo bagize ivyo bitero ko ari bibiri.

Ibigo vya gisirikare vyama vyatewe n'abitwaje ibigwanisho.

Mu kwezi kwa cumi 2017, abasirikare 15 bariciwe mu gitero ca bombe cabereye ku kigo c'inyigisho za gisirikare ca Marshal Fahim, kiri mu burengero bwa Kabul.