Abatalibani 'babangamiye ibice 70% vya Afghanistani'

File photo of Taliban fighters in Afghanistan in November 2009
Image caption Abatalibani 'babangamiye ibice 70% vya Afghanistani'

Abagwanyi b'abatalibani, Amerika yatanzeko imiriyaridi n'imiriyaridi z'amadolari mu kubagwanya, ubu barangwa nko ku bice 70% vya Afghanistani, nk'uko ivyigwa vyagizwe na BBC bivyerekana.

Amatohoza yamaze amezi atari make mu gihugu cose arerekana ko aho aba Talibani biganje kandi bagenzura hongerekanye kuva abasirikare mvamakungu bavuye muri ico gihugu mu 2014.

Reta ya Afghanistani yiyamirije ibiri muri ico cegeranyo ivuga ko bagenzura uduce tumwe tumwe gusa.

Ariko ibitero biherutse vyakozwe n'abatalibani hamwe n'abagwanyi ba Islamic State vyahitanye abantu benshi i Kabul no mubindi bibanza.

Kabul: Igitero caraye kigabwe cahagaritswe

Igitero kw'ihoteri mu muji wa Kabul

Abategetsi ba Afghanistani na prezida wa Amerika Donald Trump bishuye kuri ivyo bitero mu kwanka ibiganiro ivyo ari vyo vyose vyoza bibahuza n'abatalibani.

Mu mwaka uheze Trump yamenyesheje ko abasirikare ba Amerika bashobora kuguma muri ico gihugu igihe kirekire.

Amatohoza ya BBC - yakozwe mu mpera z'umwaka wa 2017 - arerekana uko umutekano wifashe mu turere twose twa Afghanistani hagati y'itariki 23 z'ukwezi kw'umunani na 21 ukwezi kwa cumi na rimwe.