Trump yategetse kw'ibohero Guantanamo Bay rigumizwaho

Prezida Trump akoze ibihushanye n'ivy'uwo yasubiriye Barack Obama Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Trump akoze ibihushanye n'ivy'uwo yasubiriye Barack Obama

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yashize umukono ku tegeko bwiriza risaba kw'ibohero rya Guantanamo Bay riguma ryuguruwe.

Bwana Trump yavuze ivy'iyo ngingo ashikiriza ijambo ku bijanye n'ubuzima bw'igihugu.

Iyo ngingo iteye kubiri n'iyari yafashwe na Prezida aheruka Barack Obama, yari yasavye ko iryo bohero ryokwugagwa ningoga igihe vyoba bishobotse.

Iyo nyubakwa iri mu gihugu ca Cuba ikoreshwa kuva inyuma y'igitero ca 9/11, aho "abagwanyi b'abansi" nkuko Washington ibita, batangura gupfungigwa ariko muri kino gihe hakaba hasigayeyo 41.

Amajana y'abanyororo barungururijwe ahandi ku ntwaro ya Obama.

Itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House ryemeje ivy'iyo ngingo ibuza ko iryo bohero ryugagwa, rikemeza ko ubutegetsi bugifise uburenganzira bwo kuhapfungira abagwanyi b'abansi igihe vyoba bikenewe.

"Abaja mu bikogwa vy'iterabwoba si inkozi z'ikibi. Ni abagwanyi b'abansi batisunga amategeko. Iyo bafatiwe inyuma y'ibihugu vyabo, baba bakwiye gufatwa nk'abakora iterabwoba," niko Bwana Trump yavuze mw'ijambo yashikirije ku munsi wa kabiri.

"Muri kahise, twararekuye nk'abataye umutwe amajana y'inkozi z'iterabwoba, munyuma dusanga basubiye gukora amabi," niko yabandanije avuga, atanga akarorero k'umukuru wa Leta y'iki Islamu Abu Bakr al-Baghdadi yarafungiwe mw'ibohero rya Amerika muri Iraki.