Umuririmvyi Mowzey Radio wo muri Uganda yaryamiye ukw'abagabo

Mowzey Radio Uwufise ububasha kw’isanamu HISANI/RADIO & WEASEL

Umwe mu baririmvyi rurangiranwa muri Uganda, Moses, Ssekibogo - azwi kw'izina rya Mowzey Radio- yitavye Imana inyuma yo gukubitirwa mu kabare bikomeye haraciye imisi cumi.

Radio yari mubagize umugwi Goodlyfe, yari amaze imsi ari muri koma kuva akubitiwe mu kabare I Entebbe.

Prezida Yoweri Museveni ari mu bantu bakomeye baterereye amahera yo kumufasha kwivuza vyihuta. Igipolisi carahagaritse benshi mu bikekwa gukora iryo bara.

Uwufise ububasha kw’isanamu RADIO & WEASEL
Image caption Mowzey Radio yaririmbana na Weasel ku mazina ya Radio & Weasel