Aubameyang ashobora kudakina urukino rwa mbere rwa Arsenal kubera ingwara

Pierre-Emerick Aubameyang yaguzwe imiliyoni 56 z'amapawundi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pierre-Emerick Aubameyang yaguzwe imiliyoni 56 z'amapawundi

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, yamenyesheje ko umukinyi aheruka guhabwa akazi na Arsenal, Pierre-Emerick Aubameyang, agwaye yimirije gukina urukino rwiwe rwa mbere muri Premier League.

Wenger yavuze ko Aubameyang aheruka kwinjira muri Arsenal avuye mw'ihiganwa Bundesliga ryo mu Budagi mu mugwi Borrussia Dortmund, ko azobanza gusuzumwa imbere yuko Arsenal itana mu mitwe na Everton ejo.

"Ntegerezwa gusuzuma ukwo amagara yiwe yifashe. Arafise inyonko, kuri ivyo ntiyashoboye kwimenyereza cane. Yatanguye ejo ariko ntiyari bwamere neza. Ntegerezwa kumusuzuma ndi kumwe n'abo mu gisata c'ubuvuzi ngo turabe ko akwiye gukina," niko Wenger yavuze avugana n'ibigo vy'itangazamakuru imbere y'urwo rukino.

Wenger yasiguriye abamenyeshamakuru igituma yahaye akazi Aubameyang.

"Ni umukinyi w'imbere anyaruka, ahagaze neza uravye inkino yakinye n'ibitsindo yinjije. Arazi guhererekana n'abandi," niko Wenger yavuze.

Hagataho uwo mufaransa yamenyesheje ko umukinyi wa kera wa Arsenal, Alex Song, amaze igihe yimenyerereza ku kibuga ca London Colney, kugira ngo asubire kumera neza, arindiriye umugwi womwakira inyuma yaho aviriye mu mugwi Rubin Kazan wo mu Burusiya.

"Ariko ararondera umugwi yojamwo. Naramwemereye kuza iwacu kuba arimenyereza. Ariko ntibirenga aho," niko Wenger yavuze amenyesha ko adashobora kugaruka muri Arsenal.