Abimukira batanu barasiwe mw'itana mu mitwe i Calais

Umugabo avugwa n'abatabazi inyuma y'amakimbirane ya Calais, mu buraruko bw'Ubufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umugabo avugwa n'abatabazi inyuma y'amakimbirane ya Calais, mu buraruko bw'Ubufaransa

Abajejwe intwaro mu Bufaransa bavuga ko n'imiburiburi abimukira batanu barasiwe mw'itana mu mitwe hagati y'abaturuka muri Afuganistani na Eritrea ku kivuko ca Calais.

Umugabo w'imyaka 37 aturuka muri Afuganistani ngo niwe yoba yarashe mu bantu bari batonze barindiriye guhabwa ibifungugwa.

Abanya Eritrea bane bafise imyaka iri hagati ya 16 na 18 bahakomerekeye, muri kino gihe bakaba baremvye.

Amajana y'abimukira bariyongeye muri ico kibanza, barondera guca mu nzira yo mu kuzimu ngo baje mu Bwongereza.

Ikambi bise "ishamba" yari hafi ya Calais yabamwo abantu benshi yarasambuwe mu 2016.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Gérard Collomb, yavuze ko ayo makimbirane yageze ku rugero rutari bwaboneke, yagiriza imigwi yayatanguje kurondera kwinjiza abimukira mu Bwongereza biciye muri iyo migwano.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Hugh Schofield, akorera i Paris yavuze ko ino midugararo ari iya mbere mibi ibaye mu bimukira b'i Calais mu mezi menshi arangiye, ikoresha ry'ibigwanisho bicira umuriro rikaba riteye amakenga.

Ayo makimbirane yatanguye gute?

Ntawuramenya neza icayatanguje ariko hari abantu batanye mu mitwe mu makaritiye yo mu bumanuko bw'igisagara ku munsi wa kane, igihe abimukira bari batonze barindiriye guhabwa indya.

Ico gihe abanya Eritrea boba bashika 100 hamwe n'abanya Afuganistani barahanganye ku kiringo c'amasaha abiri, inyuma yaho ayo masasu arekuriwe.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze ko abantu bane baremvye barashwe kw'izosi, mu gikiriza, mu nda no ku giti c'umugongo.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umugwi w'abimukira bafotowe bafise ibibando igihe abimukira batana mu mitwe

Abandi bantu batanye mu mitwe mu karere kagwiriyemwo amahinguriro hirya ku birometero bitanu, abanya Eritrea bari hagati y'i 150 na 200 bafise ivyuma hamwe n'ibibando bagwana n'abanya Afuganistani 20.

Ku muhingamo ayandi makimbirane yaradutse mu kibanza batangiramwo ibifungugwa i Calais, hafi y'ikambi bita "ishamba".

Abajejwe umutekano baciye barungikwa muri ako karere, rino joro ryarangiye rikaba ryari ritekanye.

AFP yabandanije ivuga ko muri rusangi, abantu 22 ari bo bakomeretse, bamwe muri bo bakaba bafise ibikomere bituruka ku guterwa imbugita.