Trump avuga ko ibigo vy'itohoza vyinjijwemwo politike

Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yagirije abakozi bo ku ngazi zo hejuru kwinjiza politike mu mikorere y'ibigo bijejwe itohoza muri FBI.

"Abakozi bo hejuru hamwe n'abakora amatohoza muri FBI no mu gisata c'Ubutungane bamaze kwinjiza politike mu buryo bwo gutohoza," niko yavuze ku buryo bwa Twitter.

Yitezwe kwemeza isohora ry'icegeranyo cerekana ingene FBI yarengeye ububasha bwayo igakora iperereza kuri umwe mu bafasha biwe.

Aba Démocrates bavuga kw'ico cegeranyo gifise intego yo gutesha inzira amatohoza akogwa kuri Bwana Trump.

Ico cegeranyo casabwe n'uwo mu mugambwe w'aba Républicains, Devin Nunes, arongoye akagwi kajejwe iperereza mu nama nshingamateka, aba Démocrates bavuga ko gifise intego yo kuburagiza amatohoza akogwa ku rwego rw'igihugu ku bivugwa kw'iyamamaza rya Trump ryo mu 2016 ryinjiriwe n'Uburusiya.

Naho biri uko, uwundi mu Républicain arongoye inama nshingamateka, Paul Ryan, yavuze kw'ico cegeranyo ata ngaruka gishobora kugira ku matohoza agigwa n'umuhanuzi ahambaye Robert Mueller.

Yavuze ko inama nshingamateka ifise umurimo wo gucungera ko ububasha bwose bukoreshejwe mu nzira ikwiye.

Ni ibiki biri muri ico cegeranyo?

Ico cegeranyo cemejwe n'akagwi kajejwe iperereza mu nama nshingamateka ku munsi wa mbere, cagiriza "Federal Bureau of Investigation" (FBI) hamwe n'igisata c'Ubutungane kuyovya umucamanza mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uheze, igihe yashaka kwongera ikiringo ku mutahe wo kurereka Carter Page.

Muri ico cegeranyo bivugwa ko ikigo FBI n'igisata c'Ubutungane bitabwiye uwo mucamanza ko zimwe mu nsiguro zerekeye uwo mutahe zari zishingiye kuri dosiye ya Trump.

Iyo dosiye yegeranijwe na Christopher Steele, akora mu gisata c'iperereza ry'Ubwongereza ngo yakoresherejwe iyamamaza ry'umukandida w'umu démocrate Hillary Clinton ngo ishire ahabona akahise kabi ka Trump.

Abantu batimenyekanishije babwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ico cegeranyo c'aba Républicains kiyovya bitewe nuko ibintu vyose bigize iyo dosiye vyakoreshejwe mu mutahe wasohowe na FBI, vyemejwe n'ikigo c'iperereza ca Amerika.