Trump aragabisha kutivanga mu matohoza ku Burusiya

President Donald Trump speaks while touring the CBP National Targeting Center in Sterling, Virginia, 2 February 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida avuga ko ariko arazira akankanzi

Abategetsi b'abademokrate bagabishije prezida Donald Trump kudakoresha inyandiko y'ibanga iteye impari nyinshi "nk'icitwazo" co kwirukana uwurongoye akanama kajejwe kugira amatohoza ku ruhara rw'Uburusiya mu matora ya Amerika.

Bagabishije ko ingingo nk'iyo ishobora gutera ingorane zijanye n'ibwirizwa shingiro zitari bwigere ziboneka kuva ku ntwaro ya prezida Nixon.

Iyo nyandiko y'ibanga yanditswe n'abarepublicain yagiriza FBI gukoresha nabi ububasha ifise.

Prezida yatanze uruhusha rwo gushira ahabonaa urwo rwandiko rw'ibanga aca anashira n'ahabona iyo nkuru iteye isoni.

Ubushyamirane hagati y'umushinjacyaha n'itsinda rya Trump

Ikirego inyuma y'itohoza kuri Trump n'Uburusiya

Iyo nyandiko yagiriza FBI n'ubushikiranganji bujejwe ubutungane gukoresha inkuru ata ho zifatiye hamwe n'izindi zitangwa n'abademokrate kugira baronke uburenganzira bwo guperereza abegereye Trump.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuhanuzi adasanzwe Robert Mueller ajejwe kugira amatohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika

Abademokrate bavuga ko ishirwa ahagaragara ry'inyandiko y'ibanga rifise intumbero yo kuburagiza amatohoza ku ruhara rw'Uburusiya mu matora ya prezida muri Amerika, ivyo prezida Trump gushika ubu aguma ahakana.

FBI yaragabishije kwishirwa ahabona ry'iyo nyandiko ivuga ko ibintu bimwe bimwe bikomeye vyakuwemwo.