Abimukira 90 batwawe ku nkengera y'igihugu ca Libya

Life jackets washed up on a beach after dozens of migrants drowned in a shipwreck off the Libyan coast of on September 21, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya (EU) ryaragerageje kugabanya igitigiri c'abimukira mu kugiriranira amasezerano n'abacunga imbibe za Libya

Ishami rya Onu rijejwe abimukira rivuga ko hari ubwoba ko abimukira bashika mirongo icenga batwawe inyuma y'aho ubwato barimwo bwiyubikiye ku nkengera z'igihugu ca Libya.

Abarokotse batatu bavuga ko benshi muri abo batwawe bari abanye Pakistani, arikomuri ubwo bwato harimwo n'abanye Libya.

Igihugu ca Libya kimaze imyaka myinsi ari inzira abimukira bacamwo bagerageza gushika mu bumanuko bwa Buraya baciye mu kiyaga.

Ibihugu vya Buraya vyagariraniye amatati ku kibazo co kugabanya abimukira n'ibihugu bitegerezwa kubakira bagishika.

EU yaragiriraniye amasezerano n'abagenzura imbibe za Libya mu mwaka uheze yo kubafasha gutangira abimukira no kubasubiza inyuma mu gihugu ca Libya.

Ariko amashirahamwe atanga imfashanyo na Onu yagiriza amareta ya Buraya gufata ingingo "zitisunze agateka ka zina muntu".

Ibintu vyoba vyagenze gute?

Mu bwato bwarimwo abantu barenga 90, batatu gusa ni bo bivugwa ko barokotse. Babiri bashoboye kwoga gushika ku musozi, mu gihe uwa gatatu yatowe n'ubwato bw'abarovyi.

Mw'itangazo ry'ishami rya Onu rijejwe abimukira (OIM) ryamenyesheje ko "Bivugwa ko ibiziga cumi ari vyo vyazanywe n'amazi ku nkegera y'igihugu ca Libya " .

Inkuru itangwa n'umumenyeshamakuru wa BBC wo muri Afrika ya ruguru, Rana Jawad, ivuga mu bintu bitamenyerewe, mu bapfuye n'abarokotse harimwo abanye Libya.

Ivyo biziga vyabonetse ku nkengera ya Libya i Zuwara. Urubuga rwa facebook rw'abajejwe umutekano ruvuga ko abapfasoni b'abanye Libya batwawe, ariko kandi abandi babiri barokotse ari abanye Libya.