Lady Gaga yahagaritse ibiteramo kubera 'ukubabara cane'

Ahavuye isanamu, Brian Samuelson
Lady Gaga yahagaritse ibiteramo 10 vyari vyimirije ku mugabane wa uraya muri vyinshi yari yimirije gukora kw'isi "kubera ububabare burenze urugero".
Mw'itangazo yashize kuri Twitter, uwo muririmvyi rurangiranwa yasavye imbabazi abakunzi biwe aca avuga ko "ababaye cane" ariko ko akeneye kubanza "gushira imbere ubuzima bwiwe".
Uwo muririmvyi amaze kuronka agashimwe ka Grammy afise ingwara ya Fibromyalgia, ishobora gutuma umuntu agira ububabare umubiri wose.
Ibiteramo yogiriye i Manchester n'i Londres biri mu vyahagaritswe.
Iryo itangazo rivuga ko iyo ngingo itoroshe yafashwe ku musi wa gatanu mw'ijoro "ayishigikiwemwo n'umugwi ujejwe amagara yiwe".
Iryo tangazo rivuga ko abari baguze amatike bashobora gusaba amahera yabo kuva itariki 6 z'ukwezi kwa kabiri.
Ahavuye isanamu, Lady Gaga
Lady Gaga yashize kuri Twitter iyi foto yafashe i Birmingham Aren ariko araririmba mu ndwi iheze
Lady Gaga w'imyaka 31 yanditse "Ndababaye canke ku buryo ntabona uko nobivuga. Ico nzi gusa n'uko ntahagaritse ntoba n'ubahiriza ivyo mvuga canke umuziki ".
Ivyo abimenyesheje inyuma yo gutangura ibiteramo vyiwe vyo mu Bwongereza i Birmingham Arena.