Maroc yegukanye igikombe ca CHAN

Umunyezamu wa Maroc Anas Zniti abuza Okechukwu Ojo wa Nigeria kwinjiza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umunyezamu wa Maroc Anas Zniti abuza Okechukwu Ojo wa Nigeria kwinjiza

Igihugu ca Maroc caraye gitahukanye igikombe ca Afrika ry'ihiganwa ry'ibihugu rihuza abakinyi basanzwe bakinira gusa mw'ivyo bihugu mu gutsinda Nigeria 4-0.

Igitsindo ca mbere ca Maroc cinjijwe na Zakaria Hadraf igice ca mbere kigiye kurangira, munyuma umukinyi Peter Eneji arasohogwa mu gihe yari ahejeje kuronka ikarata y'umuhondo ya kabiri.

Walid El Karti niwe yinjije igitsindo ca kabiri ca Maroc, Zakaria Hadraf yarafise amahigwe muri urwo rukino yinjiza ubwa kabiri igitsindo kigira gatatu ku kibuga ca Marrakech.

Intsinzi yagiye gutsimbatazwa na Ayoub El Kaabi yinjije igitsindo kigira kane ku munota wa 73, aba ashikanye ibitsindo icenda kuva iryo higanwa rihuza abakinyi bakinira mu bihugu gusa ritanguye.

Iryo higanwa ritunganywa ukwo imyaka ibiri irangiye, rikinisha abakinyi bavuye mu mahiganwa y'ibihugu gusa.