Zuma yahamagaje inama yihuta y'abagize leta

Jacob Zuma kw'ifoto yo mu 2017, asabwa gutanga imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jacob Zuma kw'ifoto yo mu 2017, asabwa gutanga imihoho

Umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo Jacob Zuma yahamagaje inama yihuta y'abagize leta mu gisagara ca Cape Town, niko ibigo vy'itangazamakuru vyaho vyavuze.

Si ibisanzwe ngo inama y'abagize leta ibe ku munsi wa kabiri, inama z'abashikiranganji ziba mu bisanzwe ku minsi ya gatatu.

Kuri uno wa gatatu hategekanijwe inama ihambaye y'abajejwe gufata ingingo mu mugambwe uri ku butegetsi "African National Congress" (ANC), izoba ikurikiye izindi nama zibiri zaheruka, zihweza kazoza ka Bwana Zuma.

Mw'itangazo, ANC yavuze ko iyo nama ariyo kwihweza "ingene ikiringo mfatakibanza cotunganywa" hagati y'uburongozi bwa Zuma n'ubwa Ramaphosa.

Abanyagihugu bamaze igihe baremereye Bwana Zuma, uburongozi bwiwe bwaranzwemwo amakosa ateye isoni, bipfuza ko hoza uwundi mukuru w'igihugu inyuma yaho Cyril Ramaphosa atorewe kurongora ANC mu kwezi kwa 12.

Prezida ari ku butegetsi kuva mu 2009, ategekanya gushikiriza ijambo abanyagihugu ku kungene igihugu cifashe ku munsi wa kane, bamwe mu banyamugambwe bakipfuza ko Bwana Zuma yoba yavuye ku butegetsi imbere y'iryo jambo.

Bwana Zuma asa naho aguma anana, yima amatwi abipfuza ko atanga imihoho.