Umusirikare agwanya Prezida Kabila agiye kuburanishwa muri Congo

Abasirikare ba Kongo, FARDC Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Kongo, FARDC

Umukoloneli yiyonkoye ku nteko z'igihugu muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), John Tshibangu, agiye gukurikiranwa ku gutegura gushinga umugwi w'inyeshamba.

Bino bishitse inyuma yaho ubutegetsi bwa Tanzaniya bwirukaniye Col Tshibangu, bukamusubiza mu gihugu c'amavuko ca RD Congo.

Mu mashusho ya video yatembera mu kwezi guheze, Koloneli Tshibangu yahaye Prezida Joseph Kabila ikiringo ntabanduka c'iminsi 45, ngo abe yatanze imihoho canke akugwe ku butegetsi ku nguvu.

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwahavuye bumufata, buca bumusubiza mu gihugu c'amavuko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Koloneli Tshibangu yahaye Prezida Joseph Kabila ikiringo ntabanduka c'iminsi 45, ngo abe yatanze imihoho

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Crispin Atama Tabe, yavuze ko uwo mu Koloneli "azokwitaba ubutungane ku kurondera gutanguza umugwi w'inyeshamba", yizeza ko urubanza rwiwe ruzociribwa mu mwidegemvyo no mu kuri.

Ikiringo ca kabiri n'ica nyuma ca Bwana Kabila carangiye mu 2016, ariko yagumye ku butegetsi bitewe nuko umugwi ujejwe amatora utashoboye kuyatunganya.