Morgan Tsvangirai arabeshuza ko aremvye

Bwana Tsvangirai yatanguje umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi MDC mu 2000 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Bwana Tsvangirai yatanguje umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi MDC mu 2000

Uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Zimbabwe, Morgan Tsvangirai yavuze ko yashegeshwe n'abantu bavuga ko aremvye, niko yanditse ku buryo bwa Twitter.

Bwana Tsvangirai ashikirije ayo majambo mu gihe hari amakuru yatanzwe n'ibigo vy'itangazamakuru vy'igihugu yavuga ko aremvye cane, ko agwariye mu bitaro vyo muri Afrika Yepfo, inyuma yaho ubuzima bwiwe bwunyukiye.

Uwo mugabo w'imyaka 65 agendana ingwara ya cancer yo mu nsogi, ngo akaba amaze guta n'ibiro vyinshi.

Uwo munyapolitike yagwanije incuro nyinshi Prezida yaheruka Robert Mugabe, munyuma agakubitwa akongera agapfungwa kenshi, yavugiye kuri Twitter ko atiyumva neza ariko ko amagara atageramiwe nkuko bivugwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Morgan Tsvangirai TWITTER
Image caption Bwana Tsvangirai ngo ntaremvye cane

Ico kibazo c'amagara yiwe caseruye amacakubiri ari mu mugambwe arongoye "Movement for Democratic Change" (MDC), abanyamugambwe bakibaza uwowurongora igihe c'amatora ategekanywa mu mpera z'uno mwaka, uhangana n'uwuri ku butegetsi Zanu-PF (urongowe na Prezida mushasha, Emmerson Mnangagwa).