Ijambo rya Zuma ku buzima bw'igihugu ryungururijwe ku rindi sango

Prezida Jacob Zuma arahakana ivyo aregwa ku biturire Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Jacob Zuma arahakana ivyo aregwa ku biturire

Ijambo ry'umukuru w'igihugu wa Afrika Yepfo, Jacob Zuma ku buzima bw'igihugu ryategekanywa ku munsi wa kane, ryungururijwe ku rindi sango.

Vyamenyeshejwe n'umuvugizi w'inama nshingamateka, Baleka Mbete bitewe n'abaguma basaba ko uwo mukuru w'igihugu atanga imihoho.

Mw'itangazo ryavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu, havugwa ko Bwana Zuma yasavye kw'iryo sango ryokwigizwa imbere.

Imbere yaho, ikigo "Nelson Mandela Foundation" cari casavye Prezida Zuma kuva ku butegetsi.

Mw'itangazo casohoye, ico kigo cavuze ko yakoresheje nabi icizere abanya Afrika Yepfo bamushizeko, ko adakwiye kurongora igihugu.

Bwana Zuma yarahakanye ibirego vyinshi bimwegekwako ku bijanye n'ibiturire.