ANC ngo yagiranye na Prezida Zuma ibiganiro vyubaka

Bwana Zuma ngo yova ku butegetsi yumvikanye neza n'abipfuza ko agenda Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightAFP / GETTY IMAGES
Image caption Bwana Zuma ngo yova ku butegetsi yumvikanye neza n'abipfuza ko agenda

Umugwi ndongozi w'umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika Yepfo, ANC uvuga ko wagiranye ibiganiro "ngirakamaro kandi vyubaka" na Prezida Jacob Zuma amaze iminsi asabwa gutanga imihoho.

Umugambwe ANC waciye wungururiza ku rindi sango inama yovuzwemwo ivya kazoza ka Prezida Jacob Zuma.

Bwana Zuma arabangamiwe muri kino gihe bitewe n'abantu bamuremeye, bipfuza ko atanga imihoho kubera ivyo aregwa vyerekeye ibiturire.

Ku munsi wa kabiri, inama nshingamateka yafashe ingingo yo kwungururiza ku rindi sango, ijambo Prezida Zuma yategekanya gushikiriza ku bijanye n'ubuzima bw'igihugu.

Jacob Zuma yoba agiye kuva ku butegetsi?

Iyo ni inkuru ivugwa cane muri kino gihe muri Afrika yepfo.

Ikinyamakuru caho Times, ku mbuga ngurukanabumenyi yaco kidasobanura abagihaye amakuru, kivuga ko Bwana Zuma yoba yiteguye kuva ku butegetsi igihe yoba yumvikanye neza n'abipfuza ko agenda.

Inama y'umugwi ndongozi ya ANC "National Executive Committee" (NEC) yungururijwe ku matariki ya 17 na 18 za kuno kwezi kwa kabiri, nkuko vyashikirijwe n'umukuru w'umugambwe Cyril Ramaphosa mw'itangazo yasohoye.

Iyo nama y'uwo mugwi uri hejuru mu mugambwe, ifise ububasha bwo gukura Prezida mu mabanga atabanje kugishwa inama.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi isaba ko hatunganywa amatora yo kumukurako icizere.

Bwana Zuma w'imyaka 75, yasubiriwe na Bwana Ramaphosa, w'imyaka 65, ku burongozi bw'umugambwe mu kwezi kwa 12.

Bwana Ramaphosa niwe ategugwa kumusubirira ka mukuru w'igihugu.

Ijambo rya Zuma ku buzima bw'igihugu ryungururijwe ku rindi sango